Wednesday, August 8, 2007

IGIPOLISI C'UBURUNDI NGO CUGARIJE INKA Z'ABANYAMULENGE

Leon Masengo
Bujumbura
05/08/2007

(Mbere yogusoma ibikurikira, reka tumenyeshe abasomyi ko Iyinkuru niyavuzwe muri VOA ntabgo yatanzwe na Journal Minembwe.)

Inka zirenga ibihumbi bibiri z'Abanyamulenge bahungiye mu Burundi zimaze imyaka
ishika ine ziri ahitwa BINYANGE mu ntara ya Cibitoke hafi y'urubibe Uburundi buhana n'ibihugu bibiri: Urwanda na Kongo iharanira Demokarasi.

Bene izo nka arizo mpunzi bahavuye barungikwa kure y'urubibe nk'uko amategeko agenga impnzi abisaba. Benshi mu borozi barungitswe mu ntara ya Mwaro hagati mu gihugu ariko inka zagumye mu ntara ya Cibitoke, impunzi zica zirondera abungere.

Kuva izo nka zishika haravuzwe amatati hagati y'aborozi n'abarimyi. Inka zarona cane mu mirima, kenshi bene imirima nabo mu kwihora barasuka aho inka zirisha umuti wica bita "Sumu ya Panya". Kenshi mbere inka zarapfuye.

Amatati akunda kwaduka hagati y'abarimyi n'aborozi ngo niyo yatumye ahanini Buramatari wo mu Cibitoke arungika abaporisi kur'uwu w'Imana gukikuza ahaba izo
nka. Abungere bamaze kubona abaporisi bafise ibigwanisho baciye bikora kuyo bameze barahunga, inka zica zisigara ziragijwe n'inkoho mu kibanza c'inkoni.
Abanyamulenge bororera aho mu Cibitoke basaba Uburundi kwubahiriza uburenganzira bw'impunzi n'ivyazo.
Inyuma y'amatati, abanyamulunge bavuga ko hariho abipfuza ko impunzi zogurisha izo
nka, Abarundi bifitiye amahera bakazigura amahera abayabaye kuko Abanyamulenge bategekwa kuzisubiza muri Kongo ngo bidashoboka. Iyo baje bava mu turere twa
Minembwe, Bwegera na Mutarure bavuga ko hakiriho intambara.

Iciyunviro c'uko izo nka zogurishwa kirashigikiwe na Buramatari wa Cibitoke kuko ubwiwe aherutse kwugurura isoko y'inka hafi cane y'ikibanza kibamwo izo nka.
Buramatari wa Cibitoke yarabwiye ubwiwe radiyo Ijwi rya Amerika ko baguma barindiriye izo nka muri iryo soko.
Muri HCR, ishirahamwe ryitaho impunzi bavuga ko bariko baragerageza gufasha impunzi kuronka ikindi kibanza co kwororeramwo. Muri kamere k'Abanyamulenge inka zikundwa cokimwe n'umwana.
Par
Leon Masengo
Source: La voix de l'Amerique
Muri article itangirwango: "Igipolisi c'Uburundi Carugarije Inka z'Abanyamulenge"

No comments: